আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
57 : 39

أَوۡ تَقُولَ لَوۡ أَنَّ ٱللَّهَ هَدَىٰنِي لَكُنتُ مِنَ ٱلۡمُتَّقِينَ

Canke akavuga ati: “Iyo Imana Allah Indongora mw’idini ryayo, ni ukuri nari kuba ndi mu bagamburukiramana”; info
التفاسير:

external-link copy
58 : 39

أَوۡ تَقُولَ حِينَ تَرَى ٱلۡعَذَابَ لَوۡ أَنَّ لِي كَرَّةٗ فَأَكُونَ مِنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Canke akavuga igihe yabonye yamaze gusagirizwa n’ibihano vy’Imana Allah, ku musi w’izuka, ati: “Ese icompa nkasubizwa kandi kw’isi, ngaheza nkaba mu bagwaneza bubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah!”. info
التفاسير:

external-link copy
59 : 39

بَلَىٰ قَدۡ جَآءَتۡكَ ءَايَٰتِي فَكَذَّبۡتَ بِهَا وَٱسۡتَكۡبَرۡتَ وَكُنتَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Imana Allah Izoheza Yishure Iti: “Muntu! Ntibikabe nk’uko ubivuze! Ni ukuri, warashikiriwe n’ivyemezo vyanje vyerekana ukuri, maze urabihakana wivuye inyuma, uranagira amanyama mu kutavyemera, wari no mu bagarariji bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo”. info
التفاسير:

external-link copy
60 : 39

وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ تَرَى ٱلَّذِينَ كَذَبُواْ عَلَى ٱللَّهِ وُجُوهُهُم مُّسۡوَدَّةٌۚ أَلَيۡسَ فِي جَهَنَّمَ مَثۡوٗى لِّلۡمُتَكَبِّرِينَ

Ku musi w’izuka rero, abahakanye bivuye inyuma mu kubangikanya Imana Allah bayitirira n’ibitaberanye n’icubahiro cayo, uzobabona bijiriwe, mu maso hirabuye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagira amanyama mu kudasenga Imana Imwe Rudende Allah. info
التفاسير:

external-link copy
61 : 39

وَيُنَجِّي ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ بِمَفَازَتِهِمۡ لَا يَمَسُّهُمُ ٱلسُّوٓءُ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ

Imana Allah rero, Izoheza Irokore mu bihano, abayigamburukiye mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu kubashikana ku ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru bipfuza, ntibazokorwako n’akabi, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu namba ku vyo basize kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
62 : 39

ٱللَّهُ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءٖۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ وَكِيلٞ

Imana Allah, ni Yo Rurema Ikaba n’Umugabe Yaremye ibintu vyose, ni na Yo Muhagarikizi Itunganiriza ibiremwa; info
التفاسير:

external-link copy
63 : 39

لَّهُۥ مَقَالِيدُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ

Ni Yo Nyenimpfunguruzo z’ibigega vy’amajuru n’isi, Igomororera muri vyo uwo Ishatse mu biremwa. Abagararije bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, abo ni bo rero bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
64 : 39

قُلۡ أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَأۡمُرُوٓنِّيٓ أَعۡبُدُ أَيُّهَا ٱلۡجَٰهِلُونَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega mwa bijuju mwe! Karashize ingani muntegeke kwiyegereza mu vyo nkora vyose mu gusenga ikitari Imana Allah, kandi ari Yo Ikwiye gusengwa Itabangikanijwe!”. info
التفاسير:

external-link copy
65 : 39

وَلَقَدۡ أُوحِيَ إِلَيۡكَ وَإِلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِكَ لَئِنۡ أَشۡرَكۡتَ لَيَحۡبَطَنَّ عَمَلُكَ وَلَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ

Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, wahishuriwe n’Imana Allah nk’uko Intumwa zo hambere yawe zahishuriwe; ko niwaramuka uhirahiye ukabangikanya Imana Allah n’ibiremwa, ibikorwa vyawe vyose bizocika impfagusa; kandi ni ukuri, uzoba uri mu bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa[9]; info

[9] Kuko ata gikorwa na kimwe c’umubangikanyamana cemerwa mu gihe ataravavanura n’ibangikanyamana ngo yigaye atarapfa.

التفاسير:

external-link copy
66 : 39

بَلِ ٱللَّهَ فَٱعۡبُدۡ وَكُن مِّنَ ٱلشَّٰكِرِينَ

Ahubwo rero nyabuna, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ukora vyose ku bwayo, wongere ube no mu bashima inema zayo. info
التفاسير:

external-link copy
67 : 39

وَمَا قَدَرُواْ ٱللَّهَ حَقَّ قَدۡرِهِۦ وَٱلۡأَرۡضُ جَمِيعٗا قَبۡضَتُهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَٱلسَّمَٰوَٰتُ مَطۡوِيَّٰتُۢ بِيَمِينِهِۦۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ

Ababangikanyamana, ntibigeze baha namba Imana Allah icubahiro kiyikwiye mu kuyibangikanya n’ibiremwa, mu gihe ari Yo Nyenubushobozi; isi yose ku musi w’izuka izoba iri mu gipfunsi cayo; amajuru na yo azingwazingwe akonywakonywerezwe mu kuryo kwayo. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya; info
التفاسير: