আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
98 : 18

قَالَ هَٰذَا رَحۡمَةٞ مِّن رَّبِّيۖ فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ رَبِّي جَعَلَهُۥ دَكَّآءَۖ وَكَانَ وَعۡدُ رَبِّي حَقّٗا

Dhu l-Qarnayini amaze guheza kwubaka nya ruzitiro yavuze ati: “Uru ruzitiro-ntamenwa narwubatse ku mpuhwe z’Imana yanje Rurema Allah Igiriye abantu, nihagera rero isezerano ry’Imana yanje Rurema Allah ryo kurekura Ya-juuja na Ma-juuja, Imana Allah Izoca Isenyura nya ruzitiro, kandi isezerano ry’Imana yanje Rurema Allah ni iry’ukuri”. info
التفاسير:

external-link copy
99 : 18

۞ وَتَرَكۡنَا بَعۡضَهُمۡ يَوۡمَئِذٖ يَمُوجُ فِي بَعۡضٖۖ وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَجَمَعۡنَٰهُمۡ جَمۡعٗا

Umusi nya ruzitiro rwasenyutse, Twebwe Allah, Tuzorekura Ya-juuja na Ma-juuja bashwiragire maze bahungabanye abantu gushika ku muhero w'isi, hanyuma inzamba igira kabiri yo kuzuka ivuzwe, Duheze Twegeranirize ibiremwa vyose hamwe, kugira Tubiharurire maze Tubihembere ivyo vyakoze. info
التفاسير:

external-link copy
100 : 18

وَعَرَضۡنَا جَهَنَّمَ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡكَٰفِرِينَ عَرۡضًا

Kuri uwo musi w'izuka rero, Twebwe Allah Tuzogaragariza abagarariji umuriro wa Jahannamu, bawubone ukuri kwamye; info
التفاسير:

external-link copy
101 : 18

ٱلَّذِينَ كَانَتۡ أَعۡيُنُهُمۡ فِي غِطَآءٍ عَن ذِكۡرِي وَكَانُواْ لَا يَسۡتَطِيعُونَ سَمۡعًا

Abipfutse mu maso mu kunyirengagiza no kutabona ivyemezo vyanje bakiri kw’isi, bakaba batanashoboye no kwumva ivyemezo vyanje ku kwanka ko vyotuma bemera Imana Allah n’Intumwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
102 : 18

أَفَحَسِبَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَن يَتَّخِذُواْ عِبَادِي مِن دُونِيٓ أَوۡلِيَآءَۚ إِنَّآ أَعۡتَدۡنَا جَهَنَّمَ لِلۡكَٰفِرِينَ نُزُلٗا

Mbega abagararije, bibwira ko bogira abaja banje ibigirwamana mu gishingo canje kugira ngo bibabere abahagarikizi, Tukareka kubibahanira! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarateguriye abagarariji umuriro wa Jahannamu kuba ari bwo bushikiro bwabo. info
التفاسير:

external-link copy
103 : 18

قُلۡ هَلۡ نُنَبِّئُكُم بِٱلۡأَخۡسَرِينَ أَعۡمَٰلًا

Ntumwa y’Imana! Kebura abantu ubabwire uti: “Mbega ndabiganire abantu bari mu ruhombo rw’ivyo bakoze! info
التفاسير:

external-link copy
104 : 18

ٱلَّذِينَ ضَلَّ سَعۡيُهُمۡ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَهُمۡ يَحۡسَبُونَ أَنَّهُمۡ يُحۡسِنُونَ صُنۡعًا

Ni abantu ivyo bakoze vyose kw’isi vyababereye impfagusa, kandi babikoze biyumvira ko bakora vyiza; info
التفاسير:

external-link copy
105 : 18

أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ وَلِقَآئِهِۦ فَحَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡ فَلَا نُقِيمُ لَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَزۡنٗا

Abo, ni bo rero bagararije bagahakana bivuye inyuma ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, baranahakana ko bazozuka bagahura na Yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibahembere ivyo bakoze. Iryo garariza n’ihakana rero, vyatumye ibikorwa vyabo bihunguruka bicika impfagusa”. Kubera ivyo rero, Twebwe Allah, ntituzobaha icubahiro namba ku musi w’izuka; info
التفاسير:

external-link copy
106 : 18

ذَٰلِكَ جَزَآؤُهُمۡ جَهَنَّمُ بِمَا كَفَرُواْ وَٱتَّخَذُوٓاْ ءَايَٰتِي وَرُسُلِي هُزُوًا

Indishi yabo bategekanirijwe, ni umuriro wa Jahannamu bazohanishwa kubera ukuntu bagarariza Imana Allah, bagafata Aayah n'ivyemezo vyayo bashikirizwa n’Intumwa zayo, bakabiteburako. info
التفاسير:

external-link copy
107 : 18

إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ كَانَتۡ لَهُمۡ جَنَّٰتُ ٱلۡفِرۡدَوۡسِ نُزُلًا

Mu vy’ukuri abanyemeye Jewe Allah n’Intumwa zanje, bagakora n’ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe Ubwami bw’ijuru ry’iteka “Firdawsi” kuba ari bwo bushikiro bwabo; info
التفاسير:

external-link copy
108 : 18

خَٰلِدِينَ فِيهَا لَا يَبۡغُونَ عَنۡهَا حِوَلٗا

Bazobubamwo ibihe bidahera, ntibazonarota na gato babuvamwo. info
التفاسير:

external-link copy
109 : 18

قُل لَّوۡ كَانَ ٱلۡبَحۡرُ مِدَادٗا لِّكَلِمَٰتِ رَبِّي لَنَفِدَ ٱلۡبَحۡرُ قَبۡلَ أَن تَنفَدَ كَلِمَٰتُ رَبِّي وَلَوۡ جِئۡنَا بِمِثۡلِهِۦ مَدَدٗا

Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Iyo amazi y’ibahari acika irangi ry’ikaramu zokwandika amajambo y’Imana Allah yerekeye ubumenyi n’ingingo vyayo, ivyo Ihishurira abamalayika n’Intumwa zayo, nya mazi y’amabahari yose yokamye imbere yuko amajambo y’Imana yanje Rurema Allah ahera kwandikwa”; n’aho Twebwe Allah Twozana ayandi mabahari asahiriza ayasanzwe ari kw’isi, yokamye yose. info
التفاسير:

external-link copy
110 : 18

قُلۡ إِنَّمَآ أَنَا۠ بَشَرٞ مِّثۡلُكُمۡ يُوحَىٰٓ إِلَيَّ أَنَّمَآ إِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۖ فَمَن كَانَ يَرۡجُواْ لِقَآءَ رَبِّهِۦ فَلۡيَعۡمَلۡ عَمَلٗا صَٰلِحٗا وَلَا يُشۡرِكۡ بِعِبَادَةِ رَبِّهِۦٓ أَحَدَۢا

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri jewe ndi umuntu nkamwe, mpishurirwa n’Imana Allah ko mu vy’ukuri, Imana yanyu ari Imana Imwe Rudende Allah; uwo wese rero yizera ko azozuka agahura n’Imana yiwe Rurema Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa kugira Imuhembere ivyo yakoze, nakore ibikorwa vyiza bitegetswe, kandi ntabangikanye Imana yiwe Rurema Allah n’ikintu na kimwe mu biremwa mu kuyiyegereza ayisenga”. info
التفاسير: