আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

At-Takaathur

external-link copy
1 : 102

أَلۡهَىٰكُمُ ٱلتَّكَاثُرُ

Mwasamajwe n'ukwihaya ku bwinshi bw’amatungo n’ibibondo, muraheza mureka kugamburukira Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
2 : 102

حَتَّىٰ زُرۡتُمُ ٱلۡمَقَابِرَ

Mugashishikara gusamazwa n’ivyo, gushika n’aho mushengereye mugahambwa mu mva. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 102

كَلَّا سَوۡفَ تَعۡلَمُونَ

Nimuteshwe mute, murahumba! Ivyo ntibikwiye kubasamaza namba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya ko ubuzima bw’inyuma yo gupfa ari bwo bwiza kuri mwebwe. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 102

ثُمَّ كَلَّا سَوۡفَ تَعۡلَمُونَ

Eka nimuteshwe mute, murahumba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya inkurikizi mbi z’ukutumvira Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 102

كَلَّا لَوۡ تَعۡلَمُونَ عِلۡمَ ٱلۡيَقِينِ

Eka nimuteshwe mute! Iyo mumenya vy’ukuri ibibafitiye akamaro, mworetse kwihaya ku vy’isi, mukihutira nyabuna gukora ivyiza. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 102

لَتَرَوُنَّ ٱلۡجَحِيمَ

Ni ukuri muzobona umuriro ururumba. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 102

ثُمَّ لَتَرَوُنَّهَا عَيۡنَ ٱلۡيَقِينِ

Kandi ni ukuri, muzowubona ukuri kwamye. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 102

ثُمَّ لَتُسۡـَٔلُنَّ يَوۡمَئِذٍ عَنِ ٱلنَّعِيمِ

Hanyuma, ni ukuri kuri uwo musi w’impera, muzobazwa ku nema z’ubwoko bwose ico mwazikoresheje. info
التفاسير: